Aller au contenu

ITANGAZO RIJANYE N’ISHIGWAHO RY’UBUHINGA BUSHASHA BWO GUTOHOZA KU MABI AKORERWA KU MATEREFONE

I kigo  Leta kijejwe gutunganya no kugenzura ivyo gutumatumanako amakuru ARCT kiri n’iteka ryo kumenyesha abenegihugu ko cashizeho ubuhinga ngurukanabumenyi bugiye kworohereza abitura ico kigo ku mabi baba bakorewe biciye ku mihora ya téléfone canke abibwe amaterefone. Ubwo buhinga buje gufasha kugabanya ingendo n’umwanya abanywanyi b’imihora bafata iyo bariko baja kurondera amakuru ajanye n’amabi baba bakorewe biciye ku ma terefone. Buzofasha kandi mu kubika neza amakuru azoba yatohojwe. Irabira ngaha iryo tangazo