Aller au contenu

ITANGAZO RIJANYE N’IYINJIZWA, ICURUZWA N’IKORESHWA RY’IBIKORESHO VY’UBUHINGA BWA NONE BWO GUTUMATUMANAKO

  • par

Ikigo kijejwe kugenzura itumatumanako (ARCT) kiramenyesheje kandi kiribukije ko abo bose binjiza ibikoresho bijanye n’ubuhinga bwa none bwo gutumatunamako ibi biturikira: Haba mu ntumbero yo kubikoresha muma shirahamwe yabo canke kubicuruza, babwirizwa kwisunga ibijanye no kuronswa impusha za nkenerwa zo kuvyinjiza mu gihigu c’Uburundi, kubisohora mu bubiko bubijejwe ku mikaka yose y’igihugu, kubikoresha canke kubidandanza. Ivyo vya nkenerwa navyo bishobora kurabwa ku rubuga ngurukanabumenyi bw’ico kigo arirwo www.arct.gov.bi

Ici kigo kiragabisha abo bose batazovyubahiriza ko bazofatirwa ibihano bisunzwe amategeko agenga ico gisata.

Vyongeye, abo bose basanzwe bacuruza ibikoresho bijanye n’ubuhinga bwa none bwo gutumatunamako ( nk’akarorero ama terefone, inyabwonko, ibikoresho vyo gufota amasanamu n’amajwi, inyakiramajwi, nibindi n’ibindi) badafise impusha zirikugihe zatanzwe zibemerera gucuruza ivyo bikoresho, ko bagiye guhanwa hisunzwe amategeko agenga ico gisata. FYONDA NGA MURONKE UBUTUMWA BUKWIYE