Aller au contenu

TWIBUKANYE AMWE MUMAYERI ABASUMA BAKORESHA MUGUSHAKA KWIBA AMAFARANGA BICIYE KUMATEREFONE NGENDANWA

Ikigo ARCT gifadikanije n’igipolisi kijejwe kurwanya amabi akorwa biciye kumihora tumaze igihe tubona abarondera ubufasha bibwe kumaterefone biciye mumayeri atandukanye bahendeshwa n’abasuma ngo babarungikire amafaranga kuri LUMICASH, ECOCASH n’ahandi.

Ikigo ARCT gifadikanije n’igipolisi kijejwe kurwanya amabi akorwa biciye kumihora twibukije abakoresha ubwo buhinga ibi bikurikira:

  1. Niwabona inimero utazi ikwandikiye WhatsApp canke Facebook yiyitirira umuyobozi mukuru kanaka ngo rungika n’ingoga amahera aguhe akazi canke ibindi: uramenyako uyarungitse uzoba wibwe.
  2. Mu Agent wa Lumicah/Ecocash ukabona umuntu aje ngo ntiza telefone mbaze ko amahera ndungitse yashikiriye uwo ndungikiye: uramenya ko ugire wibwe kuko usanga uyo muntu yaragendereje akamenya kode yawe agaca agutwara amahera yose ufise kuri Lumicash/Ecocash muruwo mwanya.
  3. Niwabona uwukwandikiye ngo ndi bofre canke ngo ndi umwe twavugana kare ngo ngize ikibazo cihuta ndungikira amahera: uritonde uzoba ugomba wibwe.
  4. Niwabona uwuguterefonye ngo ni umukozi wa Lumitel canke Econet ngo bariko basubiramwo kwandika neza ama nimero ngo rungika kode baguhaye bakwandike: uragaba uzoba ugire wibwe.
  5. Niwabona uwuguhamagaye canke akwandikiye agusaba kode arungitse iwawe ngo telefone yiwe yagize ikibazo: ntuzoyimuhe kuko uzoba ugire wibwe uyitanze.
  6. Niwabona message canke uwuguterefonye ngo watsinze muri tombola kandi utigeze ukina, ngo umuhe amahera abigukurikiranire: uritonda uzoba ugire wibwe.
  7. Niwabona message ije ngo hari akazi hanaka ngo rero rungika amahera kugira bagufashe uronke akazi canke bagukorere ibikenewe: uritonda uzoba ugire wibwe.
  8. Niwabona kuri Facebook canke Whatsap bakubwira ngo bazokuronderera passeport canke visa yo kuja hanze, ngo ubarungikire amahera babigukorere: uramenya ko ugire wibwe.
  9. Niwabona message ije isa niya Lumicash ngo urungikiwe amahera hace akanya ukabona nimero iguterefonye ngo rungika amahera ngo ayo nayo uzoyakoreshe bukebuke: uragaba uzoba wibwe kuko iba ari mesage gusa atamahera vyukuri yaje.
  10. Niwabona ibidandazwa vyiza bizimbutse kuri Facebook canke WhatsApp bakubwira ngo rungika amafaranga bazobikuzanire: uragabe kuko benshi basanga bibwe bamaze kurungika amahera yabo.

Ikigo ARCT gifadikanije n’igipolisi kijejwe kurwanya amabi akorwa biciye kumihora kibasavye ibi bikurikira:

  1. Ugire urungikire amafaranga yawe, witonde urabe vyukuri uwo ugire urungikire ko umuzi muntumbero yo kwikingire utaribwa.
  2. Ntuhirahire ngo utanga kode kabanga yawe iyariyo yose canke nimero za karangamuntu atari wewe nyene wirondereye abantu uzi kukibazo cawe runaka .
  3. Ntutize telefone canke Simu vyawe kuko ibikorwa vyose munyuma watije biguharurwako.
  4. Usanze wibwe amahera icambere wihutire kwakura kuri 163 muri Lumicash canke 444 muri Ecocash canke kuri 100 bivanye n’umuhora wakoresha, bahagarike ayo mahera umusuma atarayakurako. Ubikoze batarayakurako uba ufise amahirwe yo kuyasubizwa.
  5. Usanze bayakuyeko, bimenyeshe igipolisi kijejwe kurwanya amabi akorwa biciye kumihora, kirafasha kurondera umusuma.
  6. Uritondera ufate umwanya wo gutohoza neza igihe cose hagize nimero utazi iguhamagaye umuntu ngo hari ivyo agomba kugufasha canke umufashe.
  7. Wobona ukinga utaronerwa, dufashanye dutuze ubusuma bukorwa biciye kumaterefone ngendanwa. Mushobora kuronka buno butumwa mufyonze ngaha