Urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura itunganywa ry’ubuhinga bw’itumatumanako amakuru (ARCT) ruramenyesha abakoresha ubuhinga bw’itumatumanako amakuru biciye ku ma terefone ngendanwa ko hagiye gukoreshwa ibiharuro bimwe abanywanyi bifashisha kumihora itandukanye ikoresha ubuhinga bw’itumatumanako amakuru biciye mumaterefone ngendanwa.
Akamaro ko gukoresha ibiharuro bimwe kumihora itandukanye nuko vyorosha kumenya amakuru y’umuhora bitagoranye ariko kandi no guteza imbere ivy’itumatumanako amakuru mu gihugu ndetse no mu mahanga.